
Intambara yongeye kubura muriki Gitondo co kuri uyu wa Kane, tariki 26/10/2023. Amakuru avugako iy’i mirwano irimo kubera mu duce two muri Groupemant ya Kibumba ndetse na Bukombo.
Nk’uko bizwi n’imirwano ikomeje guhanganisha umutwe wa M23 n’ihuriro ry’imitwe y’itwaje imbunda ishigikiwe n’ingabo za Republika ya Demokarasi ya Congo (FARDC).
Uduce neza na neza turimo kuberamo Urugamba ni k’umuhanda wa 2(N2) haherereye muri Groupemant ya Bukombo, ahazwi nka Shonyi, aha niho ingabo za M23 zihagarariye.

Ahandi hongeye kuvugwa intambara nimuri Kibarizo na Kizimba nimugihe ingabo za FARDC arizo zishinjwa kuba zagabye ibi bitero mubice bigenzurwa na M23.
Bongeye guhanga mugihe kuri uyu wa Gatatu, tariki 25/10/2023, hiriwe imirwano aho y’ubuye igihe c’isaha z’itanu (11:00Am) z’igitondo iza gusoza ahagana isaha z’umugoroba wajoro nk’uko twabibwiwe kuri Minembwe Capital News.
Gusa ibice birimo Kitshanga na Kilolirwe homuri teritwari ya Masisi haravugwa agahenge kamahoro.
By Bruce Bahanda