
US yarashe ikigendajuru kitazwi ico ari co hejuru y’ubutaka bwayo
Indege y’intambara ya F-22 yarashe ikigenda juru hejuru ya Alaska.
Umuvugizi w’ibiro bya president wa Amerika, John Kirby, yavuze ko ico kintu kitarimo umuntu cari “gifite ubunini bw’imodoka ntoya”.
John Kirby yavuze ko intego n’inkomoko y’ico kintu bitazwi.
Ibi bibaye nyuma y’icumweru kimwe indege ya gisirikare ya Amerika ihanuye igipurizo c’Ubushinwa kiri hejuru y’inyanja ku ruhande rwa Amerika.
Avugira muri White House, Kirby yavuze ko ibisigazwa bya kiriya kintu carashwe kuwa gatanu ari “bito, bito cane” kurusha iby’igipurizo carashwe kuwa gatandatu ushize hafi ya leta ya South Carolina.
Yavuze ko ico kintu cagurukiraga ku 12km hejuru y’ikirere co kumpera ya leta ya Alaska.
Cari camaze kandi guca hejuru ya Alaska ku muvuduko wa 64km/h kandi ngo cariho cerekeza ku mpera y’isi ya ruguru ubwo caraswaga.
Indege za kajugujugu zoherejwe gukusanya ibisigazwa bya kiriya kintu carashwe.
Kirby yagize ati: “Ntituzi nyiracyo, niba ari ica leta cangwa ic’ikigo kigenga cangwa ari ic’umuntu ku giti ce.”
Carasiwe hejuru y’ahitwa Deadhorse ku mwaro wa Alaska
Insiguro yiphoto,
Carasiwe hejuru y’ahitwa Deadhorse uherera muri Alaska
Iki kingendajuru cabonetse bwa mbere kuwa kane nijoro, nubwo abategetsi batatangaje amasaha neza.
Kirby yavuze ko indege z’intambara zacegereye zikitegereza zikemeza ko nta muntu ukirimo, kandi ayo makuru President Biden yari ayafite afata umwanzuro.
Kirby avuga ko Amerika igiye kurushaho kugenzura ikirere cayo mu kurinda umutekano wayo kurushaho.
Iki kinyamakuru gisubiramo umwe mu bategetsi ba Amerika kitatangaje amazina avuga ko cyagendaga nk’igitwawe n’umuyaga, kandi cari gifite ishusho y’umwiburungushure n’ibara ry’ikijuju (grey)”.
Brigadier General Pat Ryder ushinzwe amakuru muri Ministries y’ingabo ya Amerika, yavuze ko iki kintu cari “gitandukanye mu bunini n’imiterere” n’igipurizo c’Ubushinwa.
Yemeje ko indege ya F-22 yarashe iki kintu ikoresheje misile saa 13:45 ku isaha yaho kuwa gatanu (Saa 20:45 ku isaha ya Bukavu na Kigali).
Gen Ryder avuga ko ibisigazwa byaco byamaze kwegeranywa kugira ngo bijyanwe gusuzumwa muri za laboratoire zabugenewe.
Abategetsi bavuga ko bataremeza niba iki kigendajuru cari mu bikorwa by’ubutasi.
Ahantu cyarasiwe ni muri 210km uvuye ku mupaka wa Canada, aho Ministre w’intebe wayo Justin Trudeau yatangaje kuri Twitter ko yamenyeshejwe iby’ico “kintu cavogereye ikirere ca Amerika” kandi ko “nshyigikiye icemezo co gufata ingamba”.
Kuwa gatandatu ushize ubwo Amerika yari imaze kurasa igipurizo c’Ubushinwa, Ministre w’ingabo wa Amerika Lloyd Austin yahamagaye mugenzi we w’Ubushinwa ku murongo ubahuza mu gihe c’ikibazo.
Ministre w’ingabo w’Ubushinwa Wei Fenghe yanze kuvugana na mugenzi we, nk’uko Pentagon ibivuga.
Ntibizoroha