Minembwe Capital News
  • Home
  • Conflict & Security
  • Regional Politics
  • World News
  • History
  • About Us
    • Privacy Policy
No Result
View All Result
Minembwe Capital News
  • Home
  • Conflict & Security
  • Regional Politics
  • World News
  • History
  • About Us
    • Privacy Policy
No Result
View All Result
Minembwe Capital News
No Result
View All Result
Home Uncategorized

IGISIRIKARE CA LETA Z’UNZE UBUMWE ZA AMERICA, ZARASHE IKIGENDA JURU HEJURU YIKIRERE CA ALASKA.

Bruce Bahanda by Bruce Bahanda
February 11, 2023
in Uncategorized
1
60
SHARES
1.5k
VIEWS
Share on FacebookShare on TwitterShare on Whatsapp

US yarashe ikigendajuru kitazwi ico ari co hejuru y’ubutaka bwayo
Indege y’intambara ya F-22 yarashe ikigenda juru hejuru ya Alaska.

You might also like

Uwari uhetse kwica abatabazi bari i Mulenge yatawe muri yombi

Iby’impinduka zigiye kuba ku rubuga rwa Whatsapp rusanzwe rukoreshwa na benshi.

Banyamulenge Unite in Mbarara to Honor Mulenge Hero Rukunda Makanika

Umuvugizi w’ibiro bya president wa Amerika, John Kirby, yavuze ko ico kintu kitarimo umuntu cari “gifite ubunini bw’imodoka ntoya”.

John Kirby yavuze ko intego n’inkomoko y’ico kintu bitazwi.

Ibi bibaye nyuma y’icumweru kimwe indege ya gisirikare ya Amerika ihanuye igipurizo c’Ubushinwa kiri hejuru y’inyanja ku ruhande rwa Amerika.

Avugira muri White House, Kirby yavuze ko ibisigazwa bya kiriya kintu carashwe kuwa gatanu ari “bito, bito cane” kurusha iby’igipurizo carashwe kuwa gatandatu ushize hafi ya leta ya South Carolina.

Yavuze ko ico kintu cagurukiraga ku 12km hejuru y’ikirere co kumpera ya leta ya Alaska.

Cari camaze kandi guca hejuru ya Alaska ku muvuduko wa 64km/h kandi ngo cariho cerekeza ku mpera y’isi ya ruguru ubwo caraswaga.

Indege za kajugujugu zoherejwe gukusanya ibisigazwa bya kiriya kintu carashwe.

Kirby yagize ati: “Ntituzi nyiracyo, niba ari ica leta cangwa ic’ikigo kigenga cangwa ari ic’umuntu ku giti ce.”

Carasiwe hejuru y’ahitwa Deadhorse ku mwaro wa Alaska
Insiguro yiphoto,
Carasiwe hejuru y’ahitwa Deadhorse uherera muri Alaska

Iki kingendajuru cabonetse bwa mbere kuwa kane nijoro, nubwo abategetsi batatangaje amasaha neza.

Kirby yavuze ko indege z’intambara zacegereye zikitegereza zikemeza ko nta muntu ukirimo, kandi ayo makuru President Biden yari ayafite afata umwanzuro.

Kirby avuga ko Amerika igiye kurushaho kugenzura ikirere cayo mu kurinda umutekano wayo kurushaho.

Iki kinyamakuru gisubiramo umwe mu bategetsi ba Amerika kitatangaje amazina avuga ko cyagendaga nk’igitwawe n’umuyaga, kandi cari gifite ishusho y’umwiburungushure n’ibara ry’ikijuju (grey)”.

Brigadier General Pat Ryder ushinzwe amakuru muri Ministries y’ingabo ya Amerika, yavuze ko iki kintu cari “gitandukanye mu bunini n’imiterere” n’igipurizo c’Ubushinwa.

Yemeje ko indege ya F-22 yarashe iki kintu ikoresheje misile saa 13:45 ku isaha yaho kuwa gatanu (Saa 20:45 ku isaha ya Bukavu na Kigali).

Gen Ryder avuga ko ibisigazwa byaco byamaze kwegeranywa kugira ngo bijyanwe gusuzumwa muri za laboratoire zabugenewe.

Abategetsi bavuga ko bataremeza niba iki kigendajuru cari mu bikorwa by’ubutasi.

Ahantu cyarasiwe ni muri 210km uvuye ku mupaka wa Canada, aho Ministre w’intebe wayo Justin Trudeau yatangaje kuri Twitter ko yamenyeshejwe iby’ico “kintu cavogereye ikirere ca Amerika” kandi ko “nshyigikiye icemezo co gufata ingamba”.

Kuwa gatandatu ushize ubwo Amerika yari imaze kurasa igipurizo c’Ubushinwa, Ministre w’ingabo wa Amerika Lloyd Austin yahamagaye mugenzi we w’Ubushinwa ku murongo ubahuza mu gihe c’ikibazo.

Ministre w’ingabo w’Ubushinwa Wei Fenghe yanze kuvugana na mugenzi we, nk’uko Pentagon ibivuga.

Share24Tweet15Send
Bruce Bahanda

Bruce Bahanda

Amakuru yizewe Kandi azira igihe ntahandi wayasanga atari kuri Minembwe Capital News. Tubagezaho Amakuru yomubiyaga bigari ndetse nohirya nohino kw'Isi. Murakaze neza mwese Kuri Minembwe Capital News.

Recommended For You

Uwari uhetse kwica abatabazi bari i Mulenge yatawe muri yombi

by Bruce Bahanda
May 29, 2025
1
Amakuru avugwa ku bitero FARDC iri gutegura kugaba i Mulenge.

Uwari uhetse kwica abatabazi bari i Mulenge yatawe muri yombi. Hafashwe umukobwa wari ufite misiyo yo kwica abayobozi bo muri Twirwaneho mu misozi miremire y'i Mulenge muri Kivu...

Read moreDetails

Iby’impinduka zigiye kuba ku rubuga rwa Whatsapp rusanzwe rukoreshwa na benshi.

by Bruce Bahanda
April 28, 2025
0
Iby’impinduka zigiye kuba ku rubuga rwa Whatsapp rusanzwe rukoreshwa na benshi.

Iby'impinduka zigiye kuba ku rubuga rwa Whatsapp rusanzwe rukoreshwa na benshi. Urubuga rwa Whatsapp rwamamaye ku isi cyane, ahanini mu gufasha abantu kuganira, rugiye gushyiraho uburyo bwo kurinda...

Read moreDetails

Banyamulenge Unite in Mbarara to Honor Mulenge Hero Rukunda Makanika

by Bruce Bahanda
April 12, 2025
0
Banyamulenge Unite in Mbarara to Honor Mulenge Hero Rukunda Makanika

Banyamulenge living in Mbarara, Uganda, are honoring the hero of Mulenge, General Rukunda Michel, widely known as Makanika. In this regard, they are organizing a football match, and...

Read moreDetails

The Kinshasa Government has once again shown AFC/M23 severe Obstacles in Negotiations

by Bruce Bahanda
April 11, 2025
0

The government of the Democratic Republic of the Congo has requested the authorities in Doha, Qatar, to ask AFC/M23 to withdraw its fighters from all areas it has...

Read moreDetails

What you should know about what is being said in Kisangani.

by minebwenews
April 2, 2025
0
What you should know about what is being said in Kisangani.

The city of Kisangani in the province of Tshopo, which is the third largest in Congo after Kinshasa, the capital city of DRC Congo, and Lubumbashi in the...

Read moreDetails
Next Post

IGISIRIKARE CA LETA Y'IKINSHASA (FARDC), CAKUYE IBIRINDIRO BIKURU BY'IGISIRIKARE CABO GOMA KIBYIMURIRA KANSAYO HO MURI BUKAVU.

Comments 1

  1. Nyakirindo says:
    2 years ago

    Ntibizoroha

Browse by Category

  • Conflict & Security
  • History
  • Regional Politics
  • Religion
  • Uncategorized
  • World News

Minembwe Capital News

MINEMBWE DUTANGAZA AMAKURU ATOHOJE KANDI YIZEWE Y'I MULENGE NO MU KARERE, NDETSE NO KU ISI HOSE.

CATEGORIES

BROWSE BY TAG

Abanyamulenge Abaturage Amerika Bibogobogo Bukavu Burundi Evariste Ndayishimiye Fardc FDLR Fizi Goma ibiganiro Ibitero Igitero Ihuriro ry'Ingabo za RDC Imirwano Imyigaragambyo Ingabo z'u Burundi Intambara Israel Ituri Kenya Kinshasa Kivu yamajy'Epfo M23 Masisi Maï Maï Mikenke Minembwe Monusco Paul Kagame Rdc Rurambo Rwanda SADC Sake Tshisekedi Twirwaneho U Burusiya Uganda Ukraine Umutekano U Rwanda Uvira Wazalendo

© 2025 minembwe

No Result
View All Result
  • Home
  • Regional Politics
  • Conflict & Security
  • World News
  • About Us
    • Privacy Policy

© 2025 minembwe

This website uses cookies. By continuing to use this website you are giving consent to cookies being used. Visit our Privacy and Cookie Policy.
Are you sure want to unlock this post?
Unlock left : 0
Are you sure want to cancel subscription?