
Indege yomubwoko bwa AA 3444, yaguye igitaraganya muri leta z’Unze Ubumwe z’America, amakuru dukesha ikinyamakuru ca CNN.
Iyindege ngoyavaga muri leta ya Florida, igana muri Washington DC, umwe mubagenzi bari muriyi ndege yabangamiye aba Pilote, nimugihe yagerageje kwinjira aho aba Pilote baba bicaye , bituma bitura kukibuga c’Indge mpuzamahanga ca Raleigh, aho batari bateganije nkuko iki kinyamakuru ca CNN cabitangaje.
Bakimara kwitura kuriki kibuga mpuzamahanga ca Raleigh, abashinzwe umutekano bahise baza gutora uyumugenzi kuko bari babimenyeshejwe indge ikiri mukirere, hanyuma bamujana kumufunga.
Amakuru akavuga ko uyu mugenzi amaze gufungwa indege yakomerejeho yerekeza aho nubundi yariteganijwe kuja i Washington DC, mumurwa mukuru wa leta z’Unze Ubumwe z’America.
Uvugira iperereza rya FBI muri leta ya North Carolina, yatangarije itangaza makuru ko ikibazo cuyumugenzi wabangamiye aba Pilote ko kigiye gukurikiranwa byihuse, hakigwa niba akorerwa sosiye cangwa niba acibwa ihazabu.
Turabakurikirana 🔟/🔟
Minembwe capital news ikinyamakuru chizewe usangaho inkuru zose chane chane iziwachu muri Est ya Congo
Ibihugu bigendera kumategeko birarwa numutekano