Impunzi zabanyeCongo, zubakanye na barundikazi ziba mw’Ikambi ya Musasa ho mu Burundi baridogera ko bashatse abagore bavuka mu Burundi.
Yanditswe na: Bruce Bahanda, kw’itariki 24.05.2023, saa 7:00 AM, kumasaha ya Bukavu na Bujumbura.
Namakuru yamaze kuja hanze ko ingo zirimo abagabo barenga makumyabiri (20), babanyeCongo, bimpunzi, bakaba barashatse(Kurongora), abagore bavuka mu Burundi aba bakomeje kwidogera ko bubakanye nabadamu bafite ubwenegihugu bw’igihugu c’Uburundi, nkuko tubikesha RTI(Radio Télévision Isanganiro).
Imvo yose ikaba iva kukuba aba bagabo barimwe impapuro zibemerera kuja mubuhungiro bwagagatu ibyo bakunze kwita kuja hanze(Amerika).
Nkuko Isanganiro yakomeje kubivuga yavuze ko abo bagabo harimo bamwe bamaze kubyarana nabo b’Arundikazi abana barenga batanu(5), izongo ngozikaba zirimo amakimbirane ashobora gutuma bamwe bahasiga ubuzima.
Nimugihe aba bagabo basaba aba badamu kwahukana kugira ngo barontswe uburenganzira bwokuja muri Amerika, abamaze kubyara nabo bakanga gusiga abana babo bikaviramo intonganya muriyo miryango.
Abo badamu nabo bagasaba ko bofatwa kimwe nizindi mpunzi bakemererwa kuja mubuhungiro bwagagatu (Amerika), kuko ntahandi bafite amatongo mugihugu c’Uburundi.
Umwe mubanyeCongo bavuga ururimi rw’Ikinyarwanda yabwiye MCN ko ibyo arukuri ariko avuga ko abanyeCongo bubakanye nabarundikazi ahanini usanga arabomubwoko bwab’Apfurero nab’Abembe.
Inkambi ya Musasa ikaba iba muri komine Kiremba ho muntara ya Ngozi mugihugu ca Republika y’u Burundi. Iyikambi ikaba ihamaze imyaka irenga 18, irimo Impunzi zavuye Congo ahanini muri Kivu yamajy’Epfo nabake bavuye muri Kivu y’Amajyaruguru.
Kurinono muriyo Kambi ya Musasa Impunzi ninshi zikaba zaramaze kubona ubuhungiro bwagagatu aribyo bita kuja hanze cangwa kuja Amerika, abandi bakaba barimo gukora kugira ngobaje hanze mubihugu birihanze yumugabane wa Afrika.
Nibererwe ubwene gihugu cyuburundi gusa bakurwe mumpunzi