Haravugwa imivurungano mu mutwe wa Red Tabara.
Yanditswe na: Bruce Bahanda, tariki 15/08/2023, saa 1:20pm, kumasaha ya Bukavu na Minembwe.
Mu Rurambo homuri teritware ya Uvira, mu Ntara ya Kivu yamajy’Epfo, mu gihugu ca Republika ya Democrasi ya Congo, haravugwa abasirikare bo muri Red Tabara, baje bashwanye na bagenzi babo bakaba baraje arabantu bagera kw’icyuminicyenda(19). Aba baje barikumwe n’igice ca Mai Mai kiyobowe na Col Batame naco caje c’iyonkoye kuri bagenzi babo ba Mai Mai bapfa ubuyobozi nkuko Minembwe Capital News yabwiwe aya makuru.
Uyu waje ayoboye ingabo za Red Tabara yitwa Col Kontampine. Yarasanzwe ari mu bayobozi bakuru b’uyu mutwe wa Red Tabara.
Umutwe w’Inyeshamba wa Red Tabara, ukomoka mu gihugu c’u Burundi, n’umutwe wabayeho ahagana mu mwaka wa 2017, ukaba urwanya ubutegetsi bwa Bujumbura.
Minembwe Capital News, yabwiwe ko izi Nyeshamba zo muri Red Tabara bitandukanije n’abandi bari ahitwa mu Lulenge muri teritware ya Fizi, nimugihe uyu mutwe ugize igihe uvugwamo amacyakubiri kuva igihe havuzwe urupfu rwa Gen Gisiga w’ishwe n’abandi bo muri Red Tabara bamuziza ko ngoyaba ashaka guhindura ubuyobozi bw’uyu mutwe. Gisiga akaba yarishwe ahagana mukwezi kwa Gatanu uyu mwaka wa 2023.
Uyu mutwe wa Red Tabara, amacyakubiri awurimo ngo ahanini ashingiye kubuyobozi hagati ya ba Tutsi na Bahutu nkuko iz’inyeshamba 19 zahurutse mu Rurambo ba bisobanura.
Izi Nyeshamba zo muri Red Tabara 19, baje bava mu mashamba ya Fizi, banyura mubice bya Mibunda baza kwerekeza mu Rurambo homubice bya Uvira. Kurubu izo Ngabo za Red Tabara na Mai Mai bakaba bari kumusozi wa Kangugu.