
Umutwe w’inyeshamba wa Red-Tatabara, urigamba gusambura kimwe mu cyuma ca “Antenne” gifasha indege kwururuka ku kibuga c’indege Mpuzamahanga cy’itiriwe Melchior Ndadaye. Ni inyuma y’igitero uwo mutwe wari wagabye mw’ijoro ryo kuri uyu wa Gatandatu muri zone Buringa , komine Gihanga mu Ntara ya Bubanza. N’igitero casize cyishe abantu babiri ndetse gitwika n’imodoka.
Mw’itangazo Red-Tatabara yashize hanze ku Cyumweru mugitondo , ryavugaga ko aribo basenye “Antenne” ifasha indege kwururuka ku kibuga c’indege Mpuzamahanga Melchior Ndadaye yari ahitwa Gihungwe mw’ishamba rya Rukoko. Muriryo tangazo kandi RED-TABARA yamenysheje ko abarwanyi bayo bari ku butaka bw’igihugu c’u Burundi ko ndetse bafite ubushobozi bwo gutera aho bashatse igihe icari cocose.
Ariko uwo mutwe uza guhakana ko ataribo bishe abo bantu babiri ndetse ko ataribo batwitse imidoka muribyo bice.
Ahubwo ko ayo mabi ngoyoba yarakozwe n’abashinzwe umutekano mu gihugu c’u Burundi ngo nibo bakoze ayo mabi! Ngo nimugihe bananiwe guhangana na Red Tabara bahita bica Abantu barimo bagenda bisanzwe.
By Bruce Bahanda.
Tariki 04/09/2023.