
Amakuru yumupira wamaguru kuri Minembwe Capital News.
Uwahoze arumutoza wa Arsenal FC ariwe Arsene Wenger, yatanze igitekerezo ciwe kwihatanwa ryigikombe ca Premier league.
Arsène Wenger yagizati “Iki nicogihe i team ya Arsenal, igomba kongera gutwara igikombe ca Premier league badafite ikindi kintu icarico cose cokwitabwaho, kandi ndemera neza ko season yubutaha ntabwo bizaba byoroshe nkuko bimeze none rero ntibapfushe ubusa aya mahirwe.” yakomeje agirati: “Abateye ubwoba ni Manchester city, ariko naho City ntabwo ifite imbaraga nkizohambere nyuma yumwaka umwe cange ibiri ishize, kuko kuva iyi season itangiye City, yarifite imbaraga nkeya muri defense yayo.” Ibi uyu mufaransa akaba yabivuze mbere yuko Arsenal FC yakira Manchester city mwijoro ryokuwagatatu kukibuga ca Emirates stadium.
Gabriel Martinelli, we byavuzwe ko atazakina mumukino uzahuza Arsenal na Manchester city.
Erling Haland, nawe afite imvune ishobora kutamwemerera gukina uyu mukino ukomeye uzahuza Manchester city na Arsenal FC.
Lee Mason, yakuwe kuri VAR nyuma yuko akoze ikosa ryoguhenderanya Arsenal, ubwo yakinaga na Brentford ubushize byatumye Arsenal ibura amanota 2.