
Gen Alain Guillaume Bunyoni, ngo yaba yamaze kugera mwibohero rikuru rya Ngozi.
Yanditswe na Bruce Bahanda, tariki 04.05.2023. Saa 8:25 pm, kumasaha ya Bukavu na Minembwe.
Amakuru akomeje kuvugwa kuruyu mugoroba wo kw’itariki 04.05.2023, nuko Gen Alain Guillaume Bunyoni yoba yamaze kugera mwibohero rikuru rya Ngozi, nkuko tubikesha umunyamakuru w’umurundi Pacifique Nininahazwe.
Pacifique yagize ati: “Twarotse amakuru avuga impinduka zikomeje gukorerwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi. Abari bapfungiwe mu gice c’ibohero kigenewe infungwa zabayobozi b’abakuru, ariyo quartier bita VP, bakuweyo. Uyu munsi hiriwe ibikorwa byokuhakorera isuku no kuhashira imisarani. Ibyo bikorwa byiriwe bihagarikiwe n’umuyobozi w’ibohero ndetse n’utwara iperereza muri iyo ntara, kugeza ku masaha y’umugoroba niyo bari bari. Muri iryo bohero hiriwe amakuru avuga ko aho bateguye bashaka kuhashira Gen Alain Guillaume Bunyoni.”
Pacifique, yakomeje avuga ati: “Amakuru turonse kuruyu mugoroba avuga ko Alain Guillaume Bunyoni yoba yamaze gushikanwa i Ngozi gusa yaje mwibanga. Hari n’abategetsi b’iperereza ku rwego rw’igihugu bavugwa ko bari i Ngozi kuri uno mugoroba, aho haravugwa cane icegera c’umukuru w’iperereza ku rwego rw’igihugu. Ariko ntituraronka isoko ryemeza iyo nkuru.”
Ibyumweru bibiri birenga ho iminsi ibarigwa Kuntoki, bishize amakuru ya Gen Alain Guillaume Bunyoni, akomeza gucicibikana kumbuga nkoranya Mbaga (Social media), aho byakomeje kuvugwa ko uyu mugabo yatawe muriyombi ninzego zishinzwe umutekano i Bujumbura muribimwe azira hari ko ari mubahungabanya umutekano w’Igihugu.
Tariki 17.04.2023, nibwo inzego zishinzwe umutekano i Bujumbura, zagiye gusaka Kwa Alain Guillaume Bunyoni gusa bivugwa ko ibyo bagiye gushakira iwe bitabonetse.





Nahanwe hakurikijwe amategeko. Kandi amenye ko isi idasakaye buriwese yonyagigwam