Prokilele(Procureur) mukuru w’urukiko rw’iremezo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, yahamagaje Guverineri w’i Ntara ya Kinshasa, umurwa mukuru w’igihugu ca RDC, kwitaba ruriya Rukiko.
Nk’uko byavuzwe ibarwa ihamagaza Guverineri w’i Ntara ya Kinshasa, bwana Gérard Mulumba, wamamaye kw’izina rya ‘Gecoco,’ ko “akwiye kuja kwisigura imbere y’Urukiko ku mirwano iheruka kubera mu Mujyi wa Kinshasa.”
Mu makuru yizewe Minembwe Capital News, dukesha Isoko yacu, ihamya ko muri Quartier Ndanu iherereye muri Komine Limete, ho mu Mujyi wa Kinshasa, haheruka kubera imirwano hagati ya bashigikiye visi Guverineri uri kw’iyamamariza k’umwanya w’u budepite muribyo bice n’abatamushigikiye.
Iriya mirwano bivugwa ko yasize abantu benshi bakomeretse n’ibintu byinshi birangirika harimo amaduka y’ibwe.
N’imirwano byavuzwe ko barwanye bakoresheje ibyuma n’amabuye ndetse n’ibiti, bikaba byarabaye mu mpera z’iki Cyumweru dusoje.
Bruce Bahanda.