Haravugwa uruntu runtu hagati yuyoboye umugabwe uri kubutegetsi mugihugu c’u Burundi na Perezida w’igihugu Evalist Ndayishimiye.
Yanditswe na: Bruce Bahanda, kw’itariki 22/06/2023, saa 9:25Am, Kumasaha ya Bukavu na Minembwe.
Kuva leta ya Bujumbura, ifashe umwanzuro woguhgarika nogufunga uwahoze ari Minisitiri w’intebe wicyo gihugu Gen Alain Guillaume Bunyoni, hakomeje kuba ukutizerana hagati ya Perezida Evalist Ndayishimiye nabakigendera kumatwara ya nyakwigendera Peter Nkurunziza.
Abafatwa nk’ibihangange mubakigendera kumatwara ya nyakwigendera Peter Nkurunziza, harimo Reveriyano Ndikuriyo arinawe uyoboye umugabwe uri kubutegetsi CNDD-FDD.
Aba bategetsi bomuri CNDD-FDD, kuva bagera Kungoma binjiye nomubijanye nomunkino zo mumupira wamaguru aho binavugwa ko burumwe mubihangange yagiye agira ikipe imwiyitirira murubwo buryo hagiyeho haba guhangana.
Uku kutunvikana hagati yuyoboye umugabwe uri kubutegetsi CNDD-FDD na Perezida w’igihugu Evalist Ndayishimiye, byongeye gufata indi ntera muriyiminsi yavuba ubwo Leta ya Bujumbura yafataga umwanzuro woguhgarika amafaranga yinoti ibihumbi bitanu nibihumbi icumi, nkuko byakomeje kwandikwa nibinyamakuru bya Barundi bavuze ko ibi byongeye kuzana umwuka mubi hagati ya bagendera kumatwara ya nyakwigendera Peter Nkurunziza nabamaze kwinjirwa nimyunvire yingoma iri kubutegetsi(Umurongo wa Evalist Ndayishimiye).
Haribyakomeje kugarara bisa noguhimana hagati ya Reveriyano Ndikuriyo na Perezida w’igihugu Evalist Ndayishimiye, mugihe Perezida Evalist Ndayishimiye ateguye nkikirori Ndikuriyo we ategura ikipe zimipira yamaguru.
Aho bivugwa ko kumunsi w’ejo hashize tariki 21/06/2023, Perezida Evalist Ndayishimiye numuryango we binjiye mubihe byogushima I’mana kumyaka itatu Evalist Ndayishimiye amaze ayoboye iki gihugu. Isaha iki giterane cyatangiriyeho nizo nihiganwa ryumupira wa maguru ryatangiriyeho bikozwe na Ndikuriyo Reveriyano.
Sububwonyine bibaye Kuko nigihe Evalist Ndayishimiye yakoraga ikirori mumwaka wa 2020, Ndikuriyo Reveriyano yahise ategura gukinisha amakipe yumupira wamaguru icogihe kandi byafashwe nkoguhimana hagati yaba bayobozi bombi.
Perezida Ndayishimiye na Reveriyano Ndikuriyo bafite ibyo bahuriyeho mu myifato : na bantu bagaragaza ibyiyunvo byabo vuba cane.
Ariko kandi bafite nibindi batandukaniyeho.
Reveriyano Ndikuriyo azwi nk’umuntu ushira imbere cane inguvu (violence). Amajambo akunze kuvuga kumunsi arimwo “gupangurura”, “gukuramwo”, “kwica”. Umuti w’ibibazo awumva mu kudandaza no mu guheza bamukeba. Reveriyano Ndikuriyo akunze kuboneka afite imitsi yireze, ntazi guhisha intumbero afite.
Mugihe Perezida Ndayishimiye we bivugwa ko ibye bigoye kugira ngo ubitahure neza . Umwe mu bamwegereye bakorana iminsi yose yatanze ubuhamya bwe agira ati: “Perezida Ndayishimiye azatangaza abantu benshi. mugihe benshi bamufata nk’ikigugu, bamufata nk’umuntu uvuga amagambo menshi atari bushire mu ngiro. Ariko sibyo na gato. Perezida Ndayishimiye afite inzigo ikomeye umuntu umukorera ikibi aramusekera. Intumbero yiwe niwe wenyine uyizi, intambara yiwe ayitegura murwihisho, iyo atangiye kuvuga amagambo menshi ibintu aba abigejeje kure. Nkurunziza yamwihenzeho ngo ni umuntu azokoresha ibyo ashaka, ingene byageze mwarabibonye. Bunyoni yari azi adakekeranya ko atazatinda gukuraho Ndayishimiye none reba aho Bunyoni ari, benshi bazotangara.”
Ndayishimiye na Ndikuriyo bose ntiboroshe. Ndikuriyo afite umugambwe, afite Imbonerakure, afite amafaranga menshi, ashigikiwe n’abiyita ko bari mw’iragi rya Nkurunziza. Abo nabo barimwo mu nzego zose z’igihugu, barimwo no mu nzego z’umutekano. Ashobora no kuronka bamwe mu mamatorero bahora inyuma ya Bunyoni. Inyuma ya Ndikuriyo hari umurwi munini w’abagumyabanga bumva ko bahemukiwe na Ndayishimiye. Aho kandi hori nabaherutse guhombera mw’ihindurwa ry’amafaranga. Abo bose boshima icobakora kuri Ndayishimiye.
Perezida Ndayishimiye nawe muri kino gihe ashigikiwe n’abarundi batobato biteze ko hari ibyo ashobora guhindura, arashigikiwe n’igice kinini c’abasirikare n’abapolisi kubera ingingo zo kubongera umushahara, niwe ufite inguvu z’ubutegetsi. Arashigikiwe na Ekleziya Katolika, arashigikiwe kandi n’abategetsi bo mu karere. Ibyo byose bimuha intambwe nini ku bakeba biwe mu butegetsi. Aho ntawokwibagirwa kandi ko abarundi badakunda kwiteranya k’uwufite ubutegetsi. Haribenshi botinya gutakaza ibibanza barimwo maze bagahitemwo Ndayishimiye, kurya byagenze igihe ca Radjabu na Nkurunziza.
Ubwo Reveriyano Ndikuriyo arashoboye kurindira gushika muri 2034, Ikibanza yicayemwo kimutegura kuba Umukuru w’Igihugu akurikira Ndayishimiye. Muri kano kanya, hagize igishikira Perezida Ndayishimiye, umukuru w’Inama Nshingamateka Gélase Daniel Ndabirabe niwe wahita arongora igihugu by’imfatakibanza, agahita ategura amatora. Nta nkeka ko umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yahita awuserukira mu matora, gutyo abitwa ko bari mw’iragi rya Nkurunziza bakaba baragarutse ku butegetsi. Birumvikana ko Reveriyano Ndikuriyo asa n’uwicaye kw’irembo ry’ubutegetsi.
Ariko ikibazo ni imyaka isigaye kugira Evariste Ndayishimiye arangize Manda ye. Ibwirizwa shingiro ridahinduwe, Perezida Ndayishimiye ashobora kuyobora Uburundi gushika muri 2034. Aho ni kure cane. Reveriyano Ndikuriyo nta mahirwe menshi afite yuko azoba akirongoye umugambwe ico gihe, Ndayishimiye bitabayemwo ikintu kidasanzwe, Reveriyano Ndikuriyo biragoye ko azoba umukuru w’igihugu. Akahise katari akakera kerekanye ko umukuru w’umugambwe ariwe aneshwa iyo ahanganye n’umukuru w’igihugu.
Reveriyano Ndikuriyo arebye nabi, aho kuba kw’irembo ry’ubutegetsi ashobora kwisanga kw’irembo rya Gereza.