I Nama yaba Minisitiri igira iya 114. Yari Nama ihagarariwe na Minisitiri w’intebe w’ungirije akanaba Minisitiri ufite ibikorwa bya gisirikare munshingano ze ndetse akayobora n’inkeragutabara(Wazalendo). Muriyo Nama habye kureberahamwe uko umutekano wifashe mugihugu cose ca Congo Kinshasa aho banarebeye hamwe uko Muburasirazuba bw’iki gihugu byifashe.
N’kuko bigaragara mucyegeranyo bashize mw’itaza Makuru basanze Uburasirazuba bwa Congo aribwo bugifite ikibazo c’umutekano aho ingabo za RDC zishamiranye nizo mu mutwe wa M23.
Muribyo biganiro kandi Minisitiri w’ingabo Jean Pierre Bemba Gombo, yabwiye abitabiriye ko inyeshamba zigera 13 zo mu mutwe wa Mobondo ziheruka gufatwa mpiri zifashwe n’ingabo za RDC(FARDC).
Izi Nyeshamba zikaba zarafatiwe mu Ntara ya Kongo Centrale ho muri Secteur ya Lulameka. N’igikorwa cakorewe muduce duhereye muriyo Secteur. Ni mugitero ingabo za FARDC zagabye kurizo nyeshamba kw’itariki 17 z’ukwezi kwa Cenda 2023.
Mu Nama ya ba Minisitiri y’ubushize kandi Jean Pierre Bemba, yariyatanze amakuru y’uko inyeshamba za Mobondo, zirimo zinjira mu Ntara ya Kongo Centrale aho zarimo ziva muri Kwango, Kwilu na Maindombe zarangiza zikica abasivile muribyo bice.
Izi Nyeshamba za Mobondo zavutse bivuye ku ku tunvikana hagati yamoko abiri aribo TEKE Na YAKA ubwo bapfaga ibintu bijanye n’imisoro kubijanye n’ubwami muri teritware ya Kwamouth.
Gusa Bemba avuga ko ngo kuba izi Nyeshamba zafashwe arintambwe nziza kubijanye no kugarura umutekano mu Ntara ya Kongo Centrale.
By Bruce Bahanda.
Tariki 25/09/2023.