
Leta Ya Kenya iyobowe na President Samue William Ruto, irashira ahagaragara icogajuru Cabo cambere cahawe Izina ngo ni: “Taifa1.”
Yanditswe na Bruce Bahanda, none tariki 10.04.2023, saa 7:25 AM, kamasaha ya Bukavu na Minembwe.
Amakuru Minembwe Capital News, ikesha ibinyamakuru bya Kenya nuko kuruyumunsi tariki 10.04.2023, Igihugu cabo ca Republika ya Kenya kiza gushira hanze icogajuru Cabo cambere cahawe Izina ngo ni Taifa1.
Iki Cogajuru byatangajwe ko kizagushirwa hanze hifashishijwe Roketi yomubwoko bwa “Spacex Falcon 9, bahawe nikigo ca Vandenberg kiri muri California, muri Leta Zunze Ubumwe Z’America.
Ibi byiswe amateka akomeye yigihugu ca Kenya dore ko Ibihugu byo muri Afrika arimbagwa bifite iki Cogajuru, gusa bivugwa ko nigihugu c’Urwanda gifite iki Cogajuru.




