Ishirahamwe rya JED (Journaliste en danger ), rirasabisha ko umunyamakuru Stanys Bujakera, uheruka guhagarikwa n’inzego zishinzwe umutekano muri RDC ko arekurwa ntayandi mananiza.
Uyu munyamakuru Stanys Bujakera, yahoraga akorerara ikinyamakuru cyitwa Jeunne Afrique ndetse yatangaga namakuru akoresheje urubuga rwe rwa Twitter.
Uyumunsi akwije iminsi itanu(5) afunzwe akaba yarafatiwe ku kibuga c’indege
ca ndjili kiri i Kinshasa kumurwa Mukuru w’igihugu ca RDC.
Amasoko yacu dukesha iy’inkuru atubwirako BUJAKERA ashinjwa kuba ko hari raporo yakozwe n’ikinyamakuru cya Jeunne afrique ivuga kurupfu rwa depite Chirubin Okende ni dossier yakozwe ngo ikaza gushikirizwa abashinzwe ubutasi muri RDC muriyo raporo havugwamo ko urupfu rwa depite Cherubin Okende ko rukomoka kungabo z’igihugu zishinzwe iperereza muri Kinshasa
Iyo raporo ikomeza ivuga ko abashinzwe iperereza kuba aribo bihishe inyuma y’urupfu rwa depite Chirubin. Leta ikaba yaraneze iyo raporo nimugihe minisitiri ushinzwe umutekano w’imbere mugihugu bwana Kazadi yandikiraga iki kinyamakuru cya Jeunne Afrique abeshuza ibyo cyanditse.
Amakuru avuga ko ubwo BUJAKERA yahatwaga ibibazo yahakanyeko atariwe wanditse iyo raporo ashinjwa doreko bitigeze biterwaho umukono kwizina rye.
Kuruyu wa Mbere tariki 11/09 ubwo bwana Patrick Muyaya Minisitiri ushinzwe itumanaho ndetse akaba n’umuvugizi wa Guverinoma ya Kinshasa yakoranye ikiganiro n’amashirahamwe atandukanye y’abanyamakuru bamubwiyeko BUJAKERA agomba kurekurwa kuko arimo arengana agasubira mukazi kiwe.
Gusa Stanys Bujakera, nyuma yuko ahaswe ibibazo byinshi na polisi ishinzwe gukurikirana ibya dossier yurupfu rwa depite Chirubin , ubwo BUJAKERA yahise ajanwa muri Parike ya Kinshasa ahita afungwa byagateganyo ariko arigushinjwa kuba yarakwirakwije ibihuha ndetse agatanga namakuru atariyo.
Kubwa JED irafata ifungwa ryuyu munyamakuru nkubushimusi kandi bagasaba ko niba atarekuwe dossier yiwe byihuse bayishikiriza umucamanza.
By Bruce Bahanda.
Tariki 14/09/2023.