
Perezida Ali Bongo aratabaza inshuti ziwe ko bo mugoboka bakamuvana ahantu afungiwe.
Mu Makuru yizewe amaze kumenyekana nuko Ali Bongo biboneka ko afite ubwoba ndetse hari ni b’inyamakuru byomurico gihgugu bivuga ko yagaragaye ajuguma kubera impungenge zubuzima bwe n’inyuma yuko yaramaze guhirikwa kubutegetsi aza gufungirwa iwe murugo. yavuze ijambo akoresheje ururimi rw’icongereza aho yavuze
Ati: “Nitwa Ali Bongo Odimba, umukuru w’igihugu ca Gabon. Ndashaka ntange ubutumwa Kunshuti zanjye zose bari kw’isi ndababwira ko bovuza induru kubera hari abantu bampagaritse ndetse bahagarika n’umuryango wanje, umuhungu wanjye afungiwe ahantu ntazi nu’mugore wanjye nawe afungiwe ahandi hantu. Ndi ahantu hacunzwe cane. Ndasaba ngo muvuze induru.”
Igisirikare comurico gihugu batangaje ko bahiritse ubutegetsi nyuma yuko Komisiyo yamatora yarimaze gutangaza ko Ali Bongo ariwe watsinze amatora.
By Bruce Bahanda.
Tariki 30.08.2023.