Perezida Paul Kagame w’u Rwanda, akaba n’umugaba mukuru w’Ikirenga w’Ingabo z’u Rwanda (RDF), kuri uyu wa Kabiri, tariki 19/12/2023, yazamuye muntera abasirikare bagera kuri 502, barimo abaofiye.
Nk’uko bigaragara mw’itangazo ry’Ingabo z’u Rwanda(RDF), ryagiye hanze mw’ijoro ryo kuri uyu wa Mbere rishira kuri uyu wa Kabiri, tariki 19/12/2023, ririmo ko mubasirikare bakuru bavuye kw’ipeti rya Brigadier General bahabwa kuba Major Gen, ni abasirikare bane(4).
Abavuye kw’ipeti rya Colonel bahabwa kuba Brigadier General, ni 17.
Abavuye kw’ipeti rya Lt Col bahabwa kuba ba Colonel, ni 83.
Abavuye kw’ipeti rya Major bahabwa kuba ba Lt Col, ni 93, mugihe abavuye kw’ipeti rya Captain bahabwa kuba ba Major bo ari 295 naho abahawe kuba ba Captain bavuye kuri Lieutenant, ni abasirikare bane (4).
Ibi perezida w’u Rwanda, abikoze mugihe k’uwa Mbere, tariki ya 18/12/2023, ubwo perezida Félix Tshisekedi, wa Republika ya Demokarasi ya Congo, y’iyamamaza bwanyuma i Kinshasa, yabwiye abanyekongo ko agiye gukora intambara yeruye ku gihugu c’u Rwanda, ngo mugihe M23 yokwibesha igafata akandi gace Gato cangwa ngo ikaba yorasa urusasu rumwe k’u Mujyi wa Goma!
Bruce Bahanda.