
Umusirikare ufite inararibonye mugihugu c’Uburusiya Vladlen Tatarsky, yapfuye azize igisasu caturikiye muri Restaurant mugace ka St Petersburg.
Yanditswe na Bruce Bahanda, none tariki 03.04.2023, saa 4:45am, kumasaha ya Bukavu na Minembwe.
Amakuru Minembwe Capital News, dukesha ibirontaramakuru bya Barusiya Tass, nuko umusirikare wiki gihugu uzwi kubuhanga bwurugamba bwana Vladlen Tatarsky, yapfuye aturikiwe nigisasu aho yarari muri Restaurant, mugace ka St Petersburg.
Ibi byatangajwe na Governor wiyontara bwana Alexander Beglov, yagize ati: “Abantu 25, bakomeretse murabo 19 nibo bari mubitaro baraba baye cane, naho Vladlen Tatarsky, niwe wahitanwe nico gisasu gisa nigitero.”
Andi makuru kugihugu c’Uburusiya nuko citeguye gushira ububiko bwintwaro za Kirimbuzi mugihugu ca Belarus.
Igihe intumwa y’Uburusiya yageze ahitwa i Minsk, muriki gihugu yahawe ijambo maze agira ati: “Uburusiya buzashira ububiko bwintwaro zabo Kirimbuzi muriki gihugu, ahari umupaka uhuza iki gihugu nibihugu biri m’Umuryango wa NATo.”
Kuriki cumweru dusoje Ambassador wuburusiya muriki gihugu ca Belarus bwana Boris Gryzlov, nawe yarabitangaje ati: “Intwaro Kirimbuzi zigihugu canjye zizoherezwa muriki gihugu gihanye umupaka nibihugu biri Muburengerazuba bw’isi, izintwaro zizaba zigamije gucungera umutekano w’Igihugu c’Uburusiya.”
Kuva intambara ya kwaduka muri Ukraine hagati ya Barusiya na leta ya Ukraine umuryango wa NATO nturebana neza niki gihugu c’Uburusiya.




