I bitero bibiri by’umutwe w’itwaje imbunda wa CODECO muriki Cyumweru, byavuzwe ko byasize bihitanye abantu 18. N’ibitero bivugwa ko byagabwe mubice biri muri teritware ya Djugu.
Amakuru avugako mugitero cyambere cyagambwe naziriya Nyeshyamba cyasize gihitanye aba sivile barenga bane(4), cyari gitero bagabye ahacukurirwaga amabuye y’Agaciro hazwi ku kazina ka Butembo ha herereye muri Groupemant ya Karongozi, Secteur ya Banyali-kilo ho muri teritware ya Djugu, i Ntara ya Ituli.
Nk’uko Minembwe Capital News, yahawe ay’amakuru n’uko perezida wa Sosiyete sivile muriyo Secteur, bwana Jean Robert, yabwiye itangaza Makuru, ati: “Twahawe amakuru n’abaturage ko habaye ibitero bihitana abantu 4 kandi ko byakonzwe n’inyeshamba zo mu mutwe wa CODECO. Ico gitero bakaba barakigabye kubacukuzi bamabuye y’Agaciro ya Or ubwo abo bacukuzi barimo boza imisenyi nibwo baje kwisanga bazungurutswe n’igitero gisiga cishe abagera kuri bane(4), abandi barakomereka.”
Muri Secteur ya Banyali-kilo, usanga i Mihana myinshi igenzurwa naziriya nyeshamba za CODECO. Bwana Jean Robert akaba ahamagarira Guverinoma ya Kinshasa gufata inshingano zayo zo kurinda abaturage n’ubusugire bw’igihugu.
Igitero cakabiri cabereye muri Groupemant ya Dhendoho, Cheferie ya Bahema yo mu Majy’Aruguru aho basize bishe impunzi 14 zo munkambi ya Rhôe ubwo zino mpunzi zarizigiye mu murima gushaka ico zafungura nk’uko byemejwe na na vice perezida wa Sosiyete sivile, Heritier Dhezunga.
Igisirikare ca Republika ya Demokarasi ya Congo (FARDC), ntikiragira ico gitangaza kubijanye n’ubwo bwicanyi kabone n’ubwo i Ntara ya Ituli iyobowe n’igisirikare ariko kikaba carananiwe kugarura amahoro murikariya karere.
By Bruce Bahanda.