
Umuntu umwe(1) niwe wapfuye naho abasaga 11 barakomereka. Ni mu mpanuka yabereye ku kibuga c’umupira wa Maguru giherereye mu Mujyi wa Goma aho byemezwa ko ari gisasu caturitse bivuye ku Mpanuka .
N’ibyabaye kugicamunsi c’ejo hashize Kuri uyu wa Kane, tariki 28/09/2023. Iryo turika ryigisasu ryabaye ahagana mu masaha y’Umugoroba.
Mw’itangazo ryashizwe ahagaragara n’igisirikare ca FARDC ryarimo ko ” Iyo mpanuka yabaye ahagana isaha icumi zokuri uyu wa Kane.”
Umuvugizi w’igisirikare ca RDC mu Ntara ya Kivu y’Amajyaruguru Lt Col Guillaume Ndjike Kaiko, yagaragaje ko ico gisasu carashwe n’imbunda yomubwoko bwa RPG 7 ko kandi yarifitwe n’umusirikare wari mu Modoka, ubwo yarageze mugace ka Rond-Point, aza kurasa atabiteguye.
Ati: “Uyu musirikare yari mu Modoka nimugihe i Modoka yarigeze ahantu hazamuka igisasu kiva muriyo Mbunda giturikira ku kibuga c’umupira wa Maguru. Abantu 11 bahise bakomereka.”
Abahakomerekeye bahise bajanwa mubitaro
Muriri tangazo rya FARDC ryagaragaje ko Guverineri w’iyi Ntara ya Kivu y’Amajyaruguru, yifatanije n’abaturage mukababato ndetse aza nogusaba abaturage gutekana kugira ngo abashinzwe Umutekano bakore Inshingano zabo.

By Bruce Bahanda.
Tariki 29/09/2023.