
Umunyamakuru Maria Ponomarenko yakatiwe imyaka 6 mukato nurukiko rwa Barnaul.
Umunyamakuru wumu Russia Maria Ponomarenko yakatiwe imyaka 6 mukato nyuma yuko avuze ko abasirikare bagwanira mukirere baba Russia ( Russian air force) ko barashe inzu yumurage yabanya Ukraine mumuryi wa Mariupol, umwaka ushize.
Urukiko rwa Barnaul rwasohoye impapuro zoguhagarika Maria Panomarenko wimyaka 44 kukazi kiwe nkumunyamakuru mugihe kingana nimyaka 5.
Uru rukiko rwasanze Ponomarenko wahoze akorera RusNews Portal, ahamwa nicaha cogusakaza inkuru yibinyoma hejuru yingabo zaba Russia zigwanira mukirere, akoresheje message.
Panomarenko mbere yuko afungwa yabwiye urukiko ati “Gukunda igihugu nugukunda ica kubyaye, kandi gukunda icakubyaye sugushigikira icaha kandi gutera umuturanyi wawe naco nicaha.”
Ifungwa ryuyu Munyamakuru rikaba ryatumye amahanga ndetse nabashinzwe kurengera abanyamakuru kwisi basaba aba Russia kudakora igikorwa curugomo nkico cokumufunga kandi bababwirako bakwiye kugira isoni zico kintu bakoze cogufunga Maria panomarenko.