Ari imbere y’itangaza makuru i New York, muri Leta Z’unze Ubumwe za Amerika, tariki 19/09/22023, umukuru w’igihugu ca Republika ya Demokarasi ya Congo, Félix Tshisekedi yemejeko muri RDC ko hatigeze haba ukunvikana kudakurikije amategeko k’umwanya wa perezida mu mwaka wa 2018 amakuru yanenzwe n’uwahoze ari perezida wa Komisiyo yamatora murico gihe ariwe Corneille Nangaa akaba yanahamije ko Félix Tshisekedi ari umubeshi.
Uyu mugabo wahoze akuriye akanama gashinzwe amatora arahamya neza ko habaye kunvikana ndetse hanasinywa amasezerano hagati ya Félix Tshisekedi na Joseph Kabila warucuye igihe. Nangaa akanemezako ubwiwe yarahari nk’umutanga buhamya.
Yakomeje avuga ko har’ibihugu byo muri Afrika bishobora gutanga ubuhamya bw’ubwo bw’unvikane aho yatanze urugero nka Afrika y’Epfo,Kenya na Egypte.
Fredy Baouma we ukuriye ikigo Ebuteli g’ishinzwe ubushakashatsi uheruka kwemeza ko perezida Félix Tshisekedi ko yagerageje kubuka ubutabera ndetse n’igisirikare yanenze Corneille Nangaa ngo kuba ahamya ko azi ko habaye kunvikana hagati ya Félix Tshisekedi na Joseph Kabila ngo mugihe ariwe warukuriye CENI ntiyarakwiye kwemeza ibyo aho yanavuze ko Nangaa ngwagomba kuzira icaha cokuba yarataye Inshingano ze.
Baouma akibaza ikibazo kibaza ngwese CENI iri genga muri Republika ya Demokarasi ya Congo? Uyu yarangije asaba ko muri RDC hakorwa i perereza ry’igenga kuri CENI.
Nangaa warukuriye akanama gashinzwe gutegura amatora muri RDC akaba yarafatiwe ibihano n’igihugu ca Leta Z’unze Ubumwe za Amerika, kubijanye n’imitegurire nokutubahiriza Demokarasi nyuma ya matora yomu mwaka wa 2018, kurubu akaba ari m’ubuhungiro mugihugu ca Belgique aho yamaze gutangazako az’iyamamariza kuba umukuru w’igihugu mu matora arigutegurwa mu kwezi kwa Cumi n’abiri(12) uyu mwaka, nyuma yaho ashinze i Shaka yise ADPC.
By Bruce Bahanda.
Tariki 25/09/2023.