Uwahoze ari umujanama w’ihariye wa Perezida Félix Tshisekedi, arashinja ANR kuba bakoresha i kinyoma mubyo bajejwe.
Yanditswe na: Bruce Bahanda, kwitariki 25/07/2023, saa 5:10Am, kumasaha ya Bukavu na Minembwe.
Biselele Fortunat, wahoze ari umujanama w’ihariye w’umukuru w’igihugu ca Republika ya Demokarasi ya Congo (RDC), Félix Antoine Tshisekedi, yashije abashinzwe ishamyi ry’iperereza muriki gihugu(ANR) kuba “abanyabinyoma nokuba abahemu, muguharabika abo bashaka kugirira nabi, mukazi bashinzwe.”
Ibi yabivuze nyuma yuko yari yafunguwe mumpera z’iki Cyumweru dusoje. N’imugihe izo nzego z’iperereza mwitsinda rya ANR bari bamufunze muruyu mwaka ushize wa 2022. Gufungwa kwe akaba yari yazize ko yoba yarafitanye amabanga akomeye na leta ya Kigali.
Bwana Biselele Fortunat, ati: “Abakozi ba ANR, nabahemu, ntabunyangamugayo batunze habe nabuke. Birababaje kubona barandenganije.”
Yakomeje avuga ko, aba bakozi b’iperereza rya Leta ya Kinshasa (ANR), kobanifashisha ib’imenyetso by’ibimbano mugihe baba bashaka kuguta mukaga.
Ati: “Bafashe amashusho yanjye bwite narinsanganwe muri telephone ngendanwa, barangije barabyi yi tirira, bagaragaza ko arayo bamphotoye, baramparabika banta nomunzu yagereza.”
This really answered my drawback, thanks!