Urupfu rw’umusirikare womungabo z’u Burundi, Major Ernest Gashirahamwe, wiciwe i Masisi, muntambara ingabo za leta ya Kinshasa bahanganyemo n’ingabo za M23, rwashegesheje imitima y’Abarundi benshi, mu Gihugu c’u Burundi.
Major Ernest Gashirahamwe yari umusirikare w’Uburundi. Kuva kuwa Mbere, tariki 06.11.2023, n’ibwo inkuru ye yamamaye ko yiciwe i Kilolirwe homuri teritwari ya Masisi, mu Ntara ya Kivu y’Amajyaruguru, mu Gihugu ca RDC.
Ay’amakuru avuga ko uriya musirikare w’u Burundi, yapfuye kuruyu wo ku Cyumweru, tariki 05/11/2023, mu mirwano ihanganishijije umutwe w’inyeshamba wa M23 n’ingabo za Republika ya Demokarasi ya Congo (FARDC, FDLR, Wagner, Imbonerakure z’u Burundi na Wazalendo), Ay’amakuru ahamyako hariho abandi basirikare b’Uburundi baguye muri iyo ntambara, abandi bafatwa mpiri na M23 gusa bivugwa ko abasirikare b’u Burundi bamaze kwambikwa mwambaro w’igisirikare ca RDC.
Umuryango wa Major Ernest Gashirahamwe bemeje urupfu rwe nk’uko tubikesha inkuru yanditswe na Pacifique Nininahazwe, w’umurundi ndetse yanemeje ko n’igisirikare c’u Burundi gihamya ko uwo musirikare yaguye k’urugamba bahanganyemo na M23.
Uriya mwanditsi Pacifique Nininahazwe, yakomeje avuga ati: “Bigenda gute kugira umusirikare w’Uburundi apfire m’u rugamba yambaye umwambaro w’ikindi gihugu ?”
“Yewe biteye isoni kuja mu rugamba mu mwambaro w’igisirikare ca FARDC Kandi uri umusirikare w’u Burundi!”
Yakomeje yibaza ibi bibazo?
“Leta y’u Burundi ikomeje kwiyorobeka mu bibera muri Congo, bukitwa ko buhagarariye amahoro mu ngabo za EAC bukongera bukitaba intambara!”
“Nimba leta y’u Burundi yemeye gufasha Congo, ni ukubera iki abasirikare b’Uburundi batajana n’abasirikare ba Congo, bakifatanya na Wazalendo na FDLR bashinjwa gukora Genocide mu Rwanda?”
“Abasirikare b’abarundi baguye muri iyo ntambara bangana gute ? Igihugu kizobasezera muyihe mvugo ? Congo izabaha agaciro nkingabo z’u Burundi zayipfiriye ? Congo izoriha iki imiryango y’izi ngabo z’Uburundi ?”
“Ijambo ry’u Burundi mu Mahanga rigiye kumera gute ?”
Uy’u murundi w’umwanditsi yarangije asaba ko perezida Evariste Ndayishimiye, yasobanurira abarundi ingene abasirikare b’igihugu cye bambitswe imyambaro y’igisikare ca Republika ya Demokarasi ya Congo (FARDC).
Twabibutsako byavuzwe ko abasirikare b’u Burundi bamaze gupfira muntambara bahanganyemo na M23 bakabakaba 200.
By Bruce Bahanda.
Wow, superb ƅloɡ format! How ⅼong have you ever been running a
blog for? үou make running a blog look eаsy. Thе wholе glance օf your sіte is eҳceⅼlent,
ⅼet alone the content!