
Kuruyu wa Gatanu tariki 08/09/2023, umutwe w’inyeshamba wa CODECO, wongeye kugaba igitero mugace ka Mbidjo, homu Ntara ya Ituri. Nigitero bivugwa ko cagabwe ahagana mu masaha y’urukerera(4:00Am).
Minembwe Capital News, yabwiwe ko ico gitero cahitanye abantu bane abandi barakomereka iki gitero kandi casize gisenye namazu aho binagaragara mu mashusho ko bayasenye bakoresheje umuriro.
Ingabo za Republika ya Demokarasi ya Congo (Fardc) zirashinjwa kuba ziri mumugambi wokosha umutwe w’inyeshamba wa CODECO kugaba ibitero muribi bice . Ziriya nyeshamba za CODECO zagabye iki gitero zivuye aho zari zakambitse mu nkengero za Mbidjo bikemezwa ko zari zihamaze iminsi itanu kandi ko ingabo za RDC zari zibiziranyeho naziriya Nyeshamba.
Gusa ngo uwo mugambi mubisha wa CODECO na FARDC wokugaba ico gitero waruzwi n’ubuyobozi bw’Ingabo za RDC zikorera mubice bya Bunia.
Mu makuru yatanzwe n’urubuga rwa Maisha RDC rwatangaje ko mbere yuko ico gitero kigabwa muri kariya gace ka Mbidjo izo Nyeshamba zabanjye guhabwa ibikoresho by’agisirikare ndetse ngobaza kubirundanya mu nkengero za kariya gace n’ubundi bagabyemo igitero.
Ibi bibaye mugihe kuruyu wa Gatatu, Mai Mai ishinjwa kwica abantu 17 abandi benshi barakomereka n’ibyabereye mugace ka Balingina hafi na Mbidjo mu Ntara ya Ituri.
By Bruce Bahanda.
Tariki 08/09/2023.
Dead composed subject material, Really enjoyed looking through.