Ubushinwa buregwa na America kuba bukorera ubutasi mugihugu cabo bakoresheje ikirere, aho ubushize America yarashe ikoresheje indege yomubwoko bwa F-22 igisa na “Ballon ” hari tariki 4.te2.2023. Muri Carolina yamajepfo. Kukiyaga. Iyi “Ballon ” bivugwa ko yari iya Bashinwa. Gusa Abashinwa bireguzako barimo bagenzura ibijanye nikirere iyi Ballon yabo ikaza kuyobera muri Leta Zunze Ubumwe za America.
Ibi bikaba byateje impagarara kumutekano wa America yamajaruguru ndetse na Canada idasigaye.
Minembwe Capital News, ikaba yabashije kumenya ubusesenguzi bw’Imbitse bwiyi Balloon, mubugari bwayo yarihafi kungana nimodoka Zibiri za Bus ikaba nanone yarifite Antenni ninshi ndetse nama Pano soleil, bigaragaza ubutasi bw’imbitse bwari muriyi Ballon.
Ntibyarekeye aho kuruyu wagatanu , indege zintambara za America zahanuye ikindi kintu mukirere muri Alaska yamajaruguru gikekwa kuba gifite ubutasi kugihugu, gusa ico cari gito ugereranije na Ballon yambere.
Kuwagatandatu, habaye ubwumvikane bw’America na Canada, indege ya America yomubwoko bwa F-22 yinjiye mukirere ca Canada, ihanura ikindi kintu kidasanzwe mumajaruguru yiburengerazuba bwakarere ka Yukon, nyuma yaho iki kintu kidasanzwe carikimaze gutera ubwoba abagenzi benshi.
Kucumweru President Joe Biden, yahanguye indenge zintambara za USA guhanura ikindi kintu naco kitabashe kumenyekana icarico cari hejuru yinyanja ya “Huron” kikaba naco cari cateye impagarara kubashinzwe ingendo zomukirere, aho carihejuru kuri métro ibihumbi 6,000.
Ariko nanone bikavugwa ko byose kwari 4 ntanakimwe caricitwaje intwaro cange ikindi kintu cose cokwica.
Ibi bintu bitazwi kwari bitatu bitaramenyekanye ndetse niyo biva ntiharamenyekana, ariko “Ballon” yo yarahamwe ko iturikira i Beijing.