
I cyegeranyo ngaruka mwaka cy’ishirahamwe Mpuzamahanga rya “WORLD JUSTICE PROJECT,” rikorera mu bijanye n’uko ibihugu byubahiriza Amategeko, ryashize i Gihugu c’u Rwanda ku mwanya wa mbere mu bihugu 34 bigize agace ka Afrika yo munsi y’ubutayu bwa Sahara, ni mu gihe i Gihugu ca Republika ya Demokarasi ya Congo cyo caje ku mwanya wa nyuma ku rwego rw’Isi.
Icyo cyegeranyo cya WORLD JUSTICE PROJECT, cyo muri uy’umwaka w’ 2023, kigaragaza ko i Gihugu c’u Rwanda kiza mu bihugu bya mbere aho ibipimo bibigaragaza.
Mu bihugu 144 WJP yakoreyemwo ubushakashatsi, ibigera kuri 59% byasanze harabayemo kugabanuka ugereranije n’u mwaka ushize w’ 2022. I byo bikaba byatumye mu bijanye n’iyubahirizwa ry’amategeko ku rwego rw’Isi u Rwanda ruza ku mwanya wa 41 mu bihugu 142 bakoreyemo ubwo bushakashatsi.
Mu gace ka Afrika yo munsi y’ubutayu bwa Sahara, U Rwanda ruza ku mwanya wa mbere mu bihugu 34 biri muri aka gace, rugakurikirwa na Namibie hamwe na Maurice. Afrika y’Epfo ku rwego rw’Isi iza ku mwanya wa 56 mugihe murico gice ca Afrika yo munsi y’ubutayu bwa Sahara kiza ku mwanya wa gatanu(5). Ethiopie nayo iza ku mwanya wa 30 naho Nigeria ikaza k’umwanya wa 33. Ibihugu biza k’umwanya wa nyuma muri ako gace ni: “Mauritanie, Cameroun hamwe na Republika ya Demokarasi ya Congo iri ku mwanya w’138 ku rwego rwo kw’Isi.”
Tubibutse ko icyegeranyo cya World justice Project gihora gikora urwo rutonde bagendeye ku kuntu inzego z’igihugu zishirwaho, kuba zidakoresha ruswa, umutekano n’ituze mu ba mubaturage.
By Bruce Bahanda.