
Urukiko rushinzwe kurengera itegeko shinga muri Republika ya Demokarasi ya Congo ( RDC), kuri uyu wa Gatandatu, tariki 28/10/2023, rwatangaje ko ruzashira ahagaragara ibijanye n’ibirego birerwa Moïse Kantumbi , umuyobozi w’ishyaka rya Ensemble Pour La République, wigezeho kuba guverineri w’Intara yahoze yitwa Katanga.
Moïse Katumbi, ashinjwa kuba umunyamahanga no gutunga ubwenegihugu bu biri(2), ubwa RDC n’u bw’Abataliani. Kubwizompanvu bakavuga ko atagomba
kw’iyamamariza kuba umukuru w’igihugu ca RDC mu matora ari guteguzwa tariki 20/12/2023.
Urukiko rwavuzeko kw’itariki 30/10/2023 aribwo ruzashira ahagaragara ibizaba byavuye munyingo yabakozi ku kirego ca Noël Tshiani ndetse nica bakora mu rukiko rushinzwe kurengera itegeko shinga.
Gusa ngo icyifuzo cy’uwitwa Junior Tschivuadi cyateshejwe agaciro kumpanvu yuko kitari gikozwe neza.
Noël Tshiani k’ubwiwe yavuzeko yashikirije urukiko ibirego bifite gihamya kubijanye n’ubwene gihugu bwa Moïse Katumbi Campwe.
Ushinzwe kuburanira Moïse Katumbi, yatangaje ko umu Client wiwe afite sertifica yahawe y’ubwenegihugu cya Congo ayihawe n’Abayobozi bari ba bishinzwe kandi ko arico cyemezo gishingirwaho k’ubwenegihugu bwa Congo n’amategeko agenga igihugu ca RDC.
By Bruce Bahanda.