
Abarwanyi 60 barenga bo mumutwe wa Mobondo, bakatiwe igihano c’Imyaka 20.
Yanditswe n’a: Bruce Bahanda, kw’itariki 20/07/2023, saa 3:20pm, kumasaha ya Bukavu na Minembwe.
Urukiko rwa Gisirikare rwa ki Kwiti, rwakatiye abahoze barwanira mumutwe w’itwaje imbunda wa Mobondo basaga 60 rubakatira igifungo c’imyaka 20 abandi i cyurupfu ndetse abandi barezwa.
N’ikuruyu wa Gatatu, tariki 19/07/2023, ubwo aba bahoze mubarwanyi ba Mobondo bitabaga uru Rukiko rwa ki Kwiti. Mumakuru dukesha Radio Okapi, nuko bamwe muraba barwanyi barenga mirongwitandatu abahawe igihano cyurupfu, aribo bashinjwa kwica Colonel Kabwa Bienvenue wishwe umwaka ushize mugace ka Bashonga homuntara ya Kwango.
Aba barwanyi ba Mobondo, bafashwe ari mirongwirindwi nicenda(79), bafatigwa muntara ya Kwango mugace neza ka Kenge n’imugihe bafashwe n’ingabo za Republika ya Democrasi ya Congo zomuri 11ème région militaire, ziyobowe n’a General Padiri Muhizi Jonas .
Mubyaha aba barwanyi baregwa harimo ko bari mubitwaje imbunda bitemewe namategeko, ubwicanyi bakoreye muntara ya Maï-Ndombe ndetse nogushigikira abaturage gukora imigumuko(Imyigaragambyo). Iciciro cyambere murabo 79 , abagera kuri 63 nibo bakatiwe igihano c’Imyaka 20, Abandi 15 bagizwe abere nurukiko rwa Gisirikare rwa ki Kwiti undi umwe yakatiwe igihano cyurupfu.
Bikavugwa ko umutwe wa Mobondo ariwo mutwe w’inyeshamba zibarigwa mumitwe y’imbere mugihugu irenga 250, bashinjwa ibyaha birimo kwica gusahura ndetse nokwiba imitungo yabaturage bo muribi bice harimo ni ntara ya Maï-Ndombe.
Uyu mutwe wa Mobondo, n’umutwe wabayeho mubihe byomumyaka ya 2015, utangiriye mubice byomuri teritware ya kwa Mouth, homuntara ya Maï-Ndombe mu mumajy’Epfo ya Kinshasa.